​​

Statement : | English, Français

Itangazo ry’Umushikirizamanza Mukuru wa Sentare Mpanavyaha Mpuzamakungu, Fatou Bensouda, rijanye n’itangurwa ry’itohoza ry’imfatakibanzu ku bibera mu Burundi

YouTube (raba)
Raba amashusho (MPEG-4)
Umviriza (MPEG-3)

Kuva muri Ndamukiza 2015, nakwirikiraniye hafi ibiriko birabera mu Burundi kandi kenshi nateye akamo abo biraba bose ngo bareke kwishora mu bikorwa vy'ububisha. Abagirizwa ivyaha Sentare Mpanavyaha Mpuzamakungu ("CPI" canke "Sentare") yemerewe gukwirikirana narabakebuye, ndababarira ko bashobora kuzobibazwa ku giti cabo.

Mu magume akibandanya, abantu barenga 430 boba barishwe, abatari munsi y'3.400 barafashwe, naho Abarundi barenga 230.000 baromotse bahungira mu bihugu vy'ababanyi. Ibiro nserukira vyihweje ku makuru n'ivyegeranyo twaronse ku bijanye n'ubwicanyi, ipfungwa, itotezwa, ifatwa ku nguvu n'irindi hohoterwa rishingiye ku gitsina hamwe no kunyuruzwa. Biribonekeza ko ivyo vyaha vyose CPI yemerewe kubukwirikirana. Kubera ivyo, nafashe icemezo co gutanguza itohoza ry'imfatakibanza ku vyabereye mu Burundi guhera muri Ndamukiza 2015.

Itohaza ry'imfatakibanza si itohoza nyaryo. Ni ukuraba neza amakuru dufise kugira dushobore kumenya niba dufise ishingiro ryo gutanguza itohoza ryubahirije ibisabwa n'Amasezerano y'i Roma vyose. Bikaba nkavyo, ingingo ya 53 1) y'Amasezerano y'i Roma ivuga ko kugira Umushikirizamanza Mukuru afate ico cemezo ategerezwa gusuzuma niba Sentare ivyemerewe, niba ibirego bishobora kwakirwa hamwe n'inyungu z'ubutungane. Ibiro nserukiye bisuzuma amakuru n'ivyiyumviro vyose vyashikirijwe mu gihe c'itohoza ry'imfatakibanza, ata bwoba canke kubogama mu kurangura amabanga yavyo, bishingiye mu buryo butayegayezwa ku Masezerano y'i Roma.

Amasezerana y'i Roma nta kiringo ateganya co gukora itohoza ry'imfatakibanza. Bivanye n'ibikorwa bivugwa hamwe n'ingene ibibazo bimeze, Ibiro vyacu birashobora gufata ingingo yo kubandanya gukusanya amakuru kugira bishobore gufata icemezo gikwiye kandi gishingiye kuvyo abo biraba bagirizwa no ku mategeko. Birashobora kandi gutangura itohoza nyaryo, mu gihe abacamanza bavyemeye, canke kwemeza ko ata tohoza bizokora mu gihe bizobona ko kubandanya ico gikorwa ata shingiro vyoba bifise. Hakwirikijywe ingendo y'ubwuzuzanye, Ibiro vyacu bizokorana na Leta y'Uburundi mu ntumbero yo kurabira hamwe ingene itohoza ryokorerwa mu gihugu n'imanza zimwe zikahacirwa.

Uburundi bwateye umukono ku Masezerano y'i Roma. Ni ukuvuga reko ko CPI ifise ububasha bwo gukwirikirana abakoze ihonyabwoko, ivyaha vyibasira inyokomuntu hamwe n'ivyaha vyo mu ngwano vyakorewe ku gataka k'Uburundi guhera muri Kigarama 2004, aribwo ayo Mazerano yabaye itegeko mu Burundi.

Ibiro vy'Umushikirizamanza Mukuru wa CPI birakora itohoza ry'imfatakibanza, itohoza nyaryo hamwe n'ikwirikirana ry'ivyaha vy'ihonyabwoko, ivyaha vyibasira inyokomuntu n'ivyaha vyo mu ngwano. Ivyo bibirangura mu bwigenge no kutabogama. Muri iki gihe, iryo tohoza ririko rirakorwa aha hakwirikira: Ubuganda; Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo; Darfur (Sudani); Repubulika ya Afurika ya Hagati (itohoza mu bice bibiri); Kenya; Libiya; Côte d'Ivoire; Mali na Jorijiya. Ahandi naho biracakora itohoza ry'imfatakibanza ku vyabaye muri Afghanistani; Kolombia; Guinée; Iraki/UK; Nijeria; Ukraine na Palestina.

Nyene kubitangaza: Ibiro vy'Umushikirizamanza Mukuru

OTPNewsDesk@icc-cpi.int

Source : Office of the Prosecutor