​​

Press Release : | Kiswahili, English, Français

Abacamanza ba Sentare mpanavyaha mpuzamakungu batanze uburenganzira bw’ugutangura amatohoza ku biriko biraba mu Burundi

ICC-CPI-20171109-PR1342 


Uyu munsi kw'igenekerezo rya 09 Munyonyo 2017, Igisata ca III ca Sentare mpanavyaha mpuzamakungu (« Sentare »),  kijejwe amatohoza ntangamarara,  kigizwe n'abacamanza Chang-ho Chung (umucamanza mukuru), Antoine Kesia-Mbe Mindua na  Raul C. Pangalangan, catangaje icese  zimwe mu ngingo z'urubanza rurekura umushikirizamanza wa Sentare ngo atangure amatohoza ku vyaha Sentare ifitiye ububasha vyoba vyarakozwe mu Burundi canke vyakozwe n'abarundi  hanze y'igihugu cabo kuva igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015 gushika igenekerezo rya   26 Gitugutu 2017. Umushikirizamanza ahawe n'uburenganzira bwo kwagura amatohoza ku vyaha vyakozwe imbere y'igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015 canke bibandanya inyuma y'igenekerezo rya 26 Gitugutu 2017, igihe ivya ngombwa bitegekanywa n'amategeko vyoba bikwiye.

Igisata ca III kijejwe amatohoza ntangamarara cabanje gufata ingingo idatangazwa kw'igenekerezo rya 25 Gitugutu 2017.  Imaze gutegeka Umushikirizamanza gutanga  izindi nsiguro, yahavuye yemera, mu buryo butamenyerewe, ko ivyerekeye kwiga ibiraba uruhusha rw'ukugira amatohoza vyokwihwezwa mw'ibanga n'umushikirizamanza  wenyene  kugira  bagabanure ivyoshobora kubangamira abashobora  kuba bakorewe ivyaha  n'ivyabona.  Mu buryo budasanzwe kandi, Sentare yahaye uruhusha Umushikirizamanza  rwo   kurindira iminsi y'akazi 10 kugira amenyeshe itangugwa ry'amatohoza ibihugu bisanzwe bifise ububasha  ku vyaha   bivugwa, kugirango ategure kandi ashire mu ngiro ingingo zofasha gukingira abakorewe ivyaha  n'amasura.

Igisata kijejwe amatohoza ntangamarara  cemeje   ko Sentare ifise ububasha bw'ukwihweza ivyaha  vyoba vyarakozwe  mu kiringo cose   Uburundi bwari  bwemeye kwisunga  amasezerano y'i Roma, ni ukuvuga  kuva  kw' igenekerezo rya 01  Kigarama 2004 gushika igenekerezo rya 26 Gitugutu 2017, ni ukuvuga umwaka wose, uharuwe umunsi  ku wundi. Kuri iryo genekerezo rya 26 Gitugutu 2017 ni ho Uburundi bwidohoye muri ayo masezerano.

Bisigura ko Sentare igumana  ububasha   bw'ukwihweza ivyaha vyose vyakozwe gushika igenekerezo rya 26 Gitugutu 2017, n'aho Uburundi bwavuye mu masezerano y'i Roma. Sentare iragumana ubwo bubasha  n'inyuma y'ukwidohora kw'Uburundi igihe cose izoba iriko itohoza inakurikirana ivyaha vyakozwe mu gihe igihugu cari kikiri muri ayo masezerano y'i Roma .  Bitereyeko, Uburundi burinda  gufashanya  na  Sentare  muri  ayo  matohoza  kubera  ko  yatangiwe uruhusha igenekerezo rya 25 Gitugutu 2017, imbere y'uko  ukwidohora kw'Uburundi kwemerwa. Iryo tegeko ry'ugufashanya na Sentare rizohaguma gushika amatohoza ahere kandi ryerekeye ibikorwa vyose bijanye n' ayo matohoza. Uburundi bwavyemeye igihe bwemeza ayo masezerano.

Igisata ca III kijejwe amatohoza ntangamarara cashinze  ko ivyemezo vyatanzwe n'Umushikirizamanza wa Sentare, harimwo n'ivyo yahawe n' abakorewe ivyaha  bifise ishingiro rikwiye kugira habe amatohoza   ku vyaha vy'agahomerabunwa vyoba vyarabaye kuva igenekerezo rya 26 ndamukiza 2015 mu  Burundi,  hamwe n'ivyoba vyakozwe n'abarundi mu mahanga, ivyo bikaba : a) ubwicanyi n'ukugerageza kwica ; b) ugupfunga abantu canke kubabuza umwidegemvyo bikomeye ;  c) kuboreza igufa umuntu; d) gushurashuza ku nguvu ; e) kugenda mazimayongo  ; et f) guturatuza. 

Sentare  yasanze  abantu  bashika  1200 boba  barishwe, abantu ibihumbi bagapfungwa bidaciye mu mategeko, ibindi bihumbi bikaborezwa igufa, n'uko abantu amajana boba bagiye mazimayongo. Ayo mabi  avugwa  yoba yatumye abantu 413 490 bata izabo bagahunga hagati ya Ndamukiza 2015 na Rusama 2017.

Ivyo vyaha vyoba vyakozwe n'abakozi ba Leta n'iyindi mirwi ishira mu ngiro imigambi ya Leta, aho hakaba harimwo urwego rw' inyamiramabi,  urwego rw'iperereza n'ibigo bimwe bimwe mu  rwego rw' intwaramiheto bikora cane cane bikurikiza amategeko y' inzego zitazwi zibangabanganye n'izemewe n'amategeko, kandi abo bose bakaba bafadikanya n'Imbonerakure; umuhari w'urwaruka rugize ishami ry'umugambwe uri ku butegetsi.

Umushikirizamanza wa Sentare mpanavyaha mpuzamakungu  ntarinda gukurikira ingorane n'ivyaha vyavuzwe mu rubanza gusa. Ashobora, akurikije ivyemezo afise, gukora amatohoza no ku bindi vyaha vy'agahomerabunwa  canke ibindi vyaha  Sentare  ifitiye ububasha (ni ukuvuga icaha c'ihonyabwoko n'ivyaha vyo mu ngwano), igihe atarenze akarimbi k'amatohoza yaherewe uburenganzira.

Mu guheza, Igisata ca III kijejwe amatohoza ntangamarara, gikurikije amakuru caronse, casanze abayobozi b'Uburundi ataco bakoze ku vyerekeye imanza zoba zifise amamuko ku vyabaye mu gihugu. N'aho bashinze imirwi itatu y'amatohoza mbere   bagatanguza ibikorwa mu ma sentare y'igihugu, Igisata ca III kijejwe amatohoza ntangamarara cabonye ko izo ngingo zitari zikwiye canke  zitari zerekeye abantu canke ivyaha bishobora gukorwa ko amatohoza na Sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Nico gituma ububasha bw'iyo Sentare n'ubw'ubutungane bw'Uburundi ataho bugonganira.

Ibiro vy' Umushikirizamanza bizokwegeranya canke bizokwakira  ivyemezo aho bishobora kuboneka hose hakwiye kwizerwa, kandi ababijejwe bazobikora ata  gitsure, ata nkunzi, bacishije aho ukuri kuri. Amatohoza azomara igihe cose kizokenerwa kugira ivyemezo  biboneke. Habonetse ivyemezo bikwiye vyerekana ko hari abantu bashobora kwagirwa n'ivyaha bakoze, Umushikirizamanza azoca asaba abacamanza bo mu gisata ca III kijejwe amatohoza ntangamarara gusohora imitahe y'ukurenguka  canke y'ugufatwa.

Icegeranyo c'ukumenyesha bose ingingo yafashwe hakurikijwe Ingingo ya 15

y'Amasezerano y'i  Roma  ku vyerekeye  uruhusha rw'amatohoza  ku biriko biraba mu

Burundi.

Ibimenyeshejejwe: Ingingo iri mu gifaransa izoboneka bitarenze igenekerezo rya 1 Kigarama 2017.

Urwandiko rw'ibibazo n'inyishu

Gutanga amakuru hakoreshejwe amajwi n'amasanamu « Kubaza Sentare »:

Ubuhinga ngurukanabumenyi YouTube (Kuraba)

Video (MPEG-4) yo kwugurura  

Audio (MPEG-3) yo kwugurura


Uwo wese yoba akeneye ikindi abaza, tumbera Fadi El Abdallah, Umuvugizi n'umukuru w'igisata kijejwe imigenderanire na bose, Sentare mpanavyaha mpuzamakungu, aciye ku nomero +31 (0)70 515-9152 canke +31 (0)6 46448938 canke kuri  PublicAffairs.Unit@icc-cpi.int.

Murashobora kandi kumenya ibijanye n'ibikorwa vya Sentare mpanavyaha mpuzamakungu mukoresheje YouTube na Twitter.